Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, kibe ikimazi nshikaniwe gitōngōrwa n’ umuriro. Ico ni co kimazi c’ impongano.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 7:5
13 Referans Kwoze  

Kand’ aba Kristo Yesu bābambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza.


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.


Umuherezi aheze akūre kuri ryo ikizoba icibutso caryo, acōse, ni co gace k’ico gihonde c’impeke, n’ak’ ayo mavuta yazo, bo n’iyo mibavu yazo yose; iryo rizoba ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro.


Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


n’amafyigo yompi, n’ ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, bagakūrane n’ amafyigo.


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kize kirīrwe ahantu hēra: n’icera cane.


Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite