Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 7:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Ico ni co cagezwe co ku kimazi co kwoswa, n’ico kw ishikanwa ry’ amafu, n’ico ku kimazi gitangirwa ivyaha, n’ico ku kimazi c’impongano, n’ico ku vyo kwinjiza abaherezi mw ibango, n’ico ku bimazi vy’ishimwe,

Gade chapit la Kopi




Abalewi 7:37
11 Referans Kwoze  

Uku abe ari k’uzobagenza mu kubarobanura, ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Wābīre imasa y’umukangara n’impfizi z’intama zibiri zitagira agasembga,


at’ Iri ni ryo shikanwa rya Aroni n’abana biwe, bakwiye kuzokwama banshikanira, uhereye ku musi Aroni azorobanuzwa amavuta: ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse, ngo kize kibe ishikanwa ry’ifu ry’ubudasība; igice cayo kize gishikanwe mu gitondo, ikindi ku mugoroba.


Uhoraho ari mw ihema ry’ibonaniro ahamagara Mose, aramubarira,


Uheze wābīre ibinure vy’iyo mpfizi y’intama, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’ urubambanda rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’ amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo, kukw ar’ impfizi y’intama yo kubinjiza mur’ iryo bango;


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Araheza azana ya mpfizi y’intama yindi, ari yo yo kubinjiza mw ibango, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Maze Mose arayikerera, yābīra ku maraso yayo, ayakoza ku gutwi kw’i buryo kwa Aroni ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite