35 Uwo ni wo mwanya wa Aroni n’abana biwe bashinguriwe ku bimazi bishikaniwe Uhoraho bigatōngōrwa n’umuriro, bāgerewe uhereye umusi barobanuriwe kuba abaherezi bo gukorera Uhoraho;
Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.
Wābīre ku maraso yo ku gicaniro, no kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, ubicucagire Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo; nukw azoba yejejwe, bo n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’ imyambaro yabo.
Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.