Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 7:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Ubgiwe yizanire mu minwe yiwe ishikanwa anshikaniye ryo gutōngōrwa n’ umuriro; az’ azane ibinure bo n’inkoro, kugira ngw iyo nkoro ibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 7:30
16 Referans Kwoze  

Umuherezi abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje, jewe Uhoraho; ivyo n’ivyera bizotwara umuherezi, hamwe na ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi nyene. Ivyo birangiye, uwo Munaziri abone kunywa vino.


Maz’ ayikūrekw ishikanwa ryiwe anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,


Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe ibinure vy’uwo mwana w’intama; umurizo wawo uko wagahometsekw ibinure, az’ awucire mu nguge udasonōye, n’urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,


Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.


Nta n’umwe abunyaka, kuko mburekura kubganje: mfise ububasha bgo kuburekura, mfise n’ububasha bgo gusubira kubgābīra. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


izo nkoro, bo n’ibikenye vy’amaguru y’i buryo, Aroni arabizunguza, kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’ Uhoraho, nk’uko Mose yageze.


Ivyo vyose abishira ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ngo babizunguze kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho.


Maze Mose yābīra inkoro, arayizunguza ngw ibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: uwo war’ umwanya wa Mose wo kur’ iyo mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Na ya nkoro yashikanishijwe kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru cagerewe abaherezi, mubirīre ahantu hadahumanye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe; kukw ari vyo wagerewe ngo bibe umuturi wawe, n’uw’ abahungu bawe, wo ku bimazi vy’ishimwe Abisirayeli bashikanye.


Aroni aheze atange Abalewi kw ishikanwa rijungujwe imbere yanje, rishikanywe n’Abisirayeli, babe abo gukora igikorwa canje, jewe Uhoraho.


bafasha ivyo binure ku nkoro z’ivyo bimazi; araheza yosereza ivyo binure ku gicaniro,


Igikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi bo n’inkoro yo kuzunguzwa, baze bahore babizanana n’ishikanwa ry’ibinure ryo gutōngōrwa n’umuriro, ngo babizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: ivyo bizoba ivyawe n’ivy’ abana bawe, bibe umuturi wanyu w’intahava, nk’uk’ Uhoraho yageze.


Uyu az’ abe ari wo uba umwanya w’abaherezi abantu bakwiye kuzohora babakūrira: ūtanze ikimazi, ar’ inka cank’ intama, az’ ahore akūrira umuherezi igikenye c’ukuboko, n’imisaya yompi, n’ umushīshīto.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite