3 Kandi batange ibinure vyaco vyose, ari vyo murizo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda rwōrōshe amara,
Maze wābīre urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ ibinure bifashe kuri yo, uvyosereze ku gicaniro.
Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra.
Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.
Ntimuze muzirye mbisi, canke zitetse, shiti zitaze; hamwe n’umutwe wawo n’ibinōno n’ivyo mu nda.
Uwo muri bene Aroni azohereza amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe, az’ abe ari we ahabga igikenye c’ukuguru kw’i buryo kuba umwanya wiwe.