Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 7:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ntimuze mwigere mugeza ubuseri mu kanwa mu ngo zanyu zose, ar’ ubg’ ibiguruka, cank’ ubg’ ibitunzwe, cank’ ubg’ ibikōko.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 7:26
17 Referans Kwoze  

Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo.


ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimw’ ico gutabga, iyo cakiriwe n’ūshima:


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebge.


Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Kuk’ ūzorya wese ku binure vy’ibitunzwe, kand’ ari vyo abantu batangakw ibimazi banshikanira vyo gutongorwa n’umuriro, umuntu azoramuka abiriyeko az’ acibge mu bgoko bgabo.


Umuntu wese azobugeza mu kanwa, ubg’ ari bgo bgose, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze.


Mugabo ntimuze murye ubuseri: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Mugabo, muze mwirinde ntimurye ubuseri, kukw amaraso ari yo bugingo: ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo.


Mugabo ntimuze murye ubuseri bgavyo: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite