Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 7:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 7:21
31 Referans Kwoze  

Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje.


Uhoraho abarira Mose,


Udukōko twose tw’amababa tunyonyera, tugendesha amaguru ane, n’umuziro kuri mwebge.


Ibidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mubirye: n’umuziro kuri mwebge.


Ntimuze murye ikintu na kimwe kizira.


Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;


Kuk’ umuntu wese azogira ico akora na kimwe mur’ ivyo vyose bizira, abazobikora bose bazorandurwa bakūrwe mu bgoko bgabo.


Kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco; ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntimuze mwigere mugeza mu kanwa icitwa amaraso y’icaremwe ic’ ari co cose, kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco: ūzoyageza mu kanwa wese az’ acibge.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Umuntu wese azobugeza mu kanwa, ubg’ ari bgo bgose, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Kuk’ ūzorya wese ku binure vy’ibitunzwe, kand’ ari vyo abantu batangakw ibimazi banshikanira vyo gutongorwa n’umuriro, umuntu azoramuka abiriyeko az’ acibge mu bgoko bgabo.


Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi ntihaze haboneke umwambiro mu mazu yanyu: umuntu azorya icambiwe, aracibga mw ikoraniro ry’Abisirayeli, naho yoba umunyamahanga cank’ uw’ imvukira yo mu gihugu canyu.


Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe; ku musi w’intangamarāra muze mukūre umwambiro n’icambiwe cose mu mazu yanyu; kuk’ umuntu azorya ku mutsima wambiwe, uhereye ku musi w’ intangamarāra ugashitsa ku musi ugira indwi, uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli.


Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.


Uhoraho abarira Mose,


Ubabarire yuk’ umuntu wese wo mu ruvyaro rwabo azokwēgēra ivyejejwe Abisirayeli banshikaniye, ahumanye, uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana, uwo muntu az’ arandurwe, akūrwe imbere yanje: nd’ Uhoraho.


Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Yamara Sauli kur’ uwo musi ntiyagira ico avuga, kuko yiyumviriye, ati Sinzi ico yabaye; ngira ngw arahumanye, eka nta kundi arahumanye.


kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


Kandi ni hagira umuntu atazokwibabaza kur’ uwo musi, az’ acibge mu bgoko bgabo.


Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite