Abalewi 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Iryo shikanwa ryiwe, n’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, az’ abitangane n’utundi dutsima twambiwe. Gade chapit la |
Kandi hamwe n’iyo mitsima mushikane abana b’intama ndwi batagira agasembga, batarengeje umwaka, bo n’imasa y’umukangara, n’impfizi z’intama zibiri; bibe ikimazi coswa nshikaniwe jewe Uhoraho, bizananwe n’ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu, n’iry’ ibiturire, bibe ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.
aha hantu nyene hazosubira kwumvikana ijwi ry’umunezero n’iryo guhimbarwa, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ijwi ry’abavuga, bati Ni mushime Uhoraho Nyen’ ingabo, kuk’ Uhoraho ari mwiza, kukw imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira; n’iry’ abazanye ibimazi vy’ishimwe mu ngoro yanje Uhoraho. Kuko nzotuma iki gihugu kiva mu kinyago, kikamera nk’ ubga mbere, ni jewe Uhoraho mbivuze.