Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ni yagitanga kubgo gukenguruka, ico kimazi co gukenguruka az’ agitangane n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, bo n’utundi dutsima tubēhūye, tutambiwe nyene, twasutswekw amavuta, n’utundi nyene twacumbanywe n’amavuta, twacumbge mw ifu igogōretse ivangishijwe amavuta ngw ihwane.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 7:12
25 Referans Kwoze  

n’indumane irimw’ imitsima itambiwe; udutsima twacumbge mw ifu igogōretse, twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene, tubēhūye, twasutswekw amavuta, bo n’amashikanwa bigendanye, iry’ ifu n’iry’ ibiturire.


Kandi ni mwashikana ishikanwa ry’ivyokejwe mu ziko vyakozwe mw ifu, bize bibe udutsima tutambiwe twacumbge mw ifu igogōretse, twacumbanywe n’amavuta ya elayo, cank’ udutsima tutambiwe nyene, tubēhūye, twasutswekw amavuta ya elayo.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo.


Imana, Data wa twese, muyishimire vyose imisi yose, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’ uyu munyamahanga?


yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya.


Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.


Nzogushikanira ikimazi co gukenguruka, Nambaze izina ry’Uhoraho.


Abo ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!


aha hantu nyene hazosubira kwumvikana ijwi ry’umunezero n’iryo guhimbarwa, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ijwi ry’abavuga, bati Ni mushime Uhoraho Nyen’ ingabo, kuk’ Uhoraho ari mwiza, kukw imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira; n’iry’ abazanye ibimazi vy’ishimwe mu ngoro yanje Uhoraho. Kuko nzotuma iki gihugu kiva mu kinyago, kikamera nk’ ubga mbere, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Umuntu wese anshikanira ikimazi c’ishimwe aba ampesheje icubahiro: Kand’ ūtunganya ingeso ziwe Nzomwereka agakiza k’Imana.


Uwo musi batanga ibimazi vyinshi, baranezerwa kukw Imana yar’ ibateye umunezero mwinshi; kandi n’abagore n’ abana baranezerwa, bituma umunezero ur’i Yerusalemu wumvikana kure.


Maz’ asana igicaniro c’Uhoraho, agitangirakw ibimazi vy’ishimwe n’ivyo gukenguruka, kand’ agera kw Abayuda basaba Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


Maze Hezekiya arababarira, ati None ko mwirobanuriye Uhoraho, mwīgire hafi, muzane ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka mu ngoro y’Uhoraho. Nukw iryo koraniro rizana ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka; n’abāri bafise imitima ikunze bose bazana ibimazi vyo kwosa.


Kandi ni mwampa ikimazi co gukenguruka, mugitange uburyo butuma mwemerwa.


Kand’ inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, zize ziribge ku musi agitanzeko nyene: ntihaze hagire izo asigaza ngo zirāre.


Ibisigaye kuri vyo Aroni n’abana biwe babirye, babirye bitambiwe, babirīre ahantu hēra, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro abe ari ho babirīra.


Kand’ ishikanwa ryanyu ni ryaba iry’ ivyakaranzwe ku cuma vyakozwe mw ifu, bize bibe ivyakozwe mw īgogōretse, ata mwambiro, vyacumbanywe n’amavuta ya elayo.


Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite