Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Iki ni co cagezwe co ku kimazi c’impongano: kizoba ar’ icera cane.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 7:1
17 Referans Kwoze  

ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi gitangirwa ivyaha: aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha, imbere yanje: n’icera cane.


Ntibaze babicumbane n’umwambiro. Ndabibahaye, bibe umugabane wabo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; n’ivyera cane, nk’ukw ikimazi gitangirwa ivyaha kimeze, bo n’ic’ impongano.


Uhoraho abarira Mose,


Arambarira, at’ Aha ni ho abaherezi bazoteka ibimazi vy’impongano n’ibimazi bitangirwa ivyaha, kandi ni ho bazokaranga amashikanwa y’amafu; kugira ngo boye kubijana mu ntangaro, bakavyezesha abantu.


Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.


No ku rubaraza rw’ikirimba hār’ ameza abiri ku ruhande rumwe, n’ ayandi abiri ku rundi, yo kubāgirakw ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi bitangirwa ivyaha n’ibimazi bitangirwa ibicumuro.


Aze yongere anyiyegurire jewe Uhoraho imisi y’ubunaziri bgiwe, azane isuguru y’intama itarengeje umwaka kw ikimazi c’impongano; arikw imisi yiwe ya mbere izoba yapfuye ubusa, kuk’ ubunaziri bgiwe bgahumanye.


Ashobora kurya ku mfungurwa zanje, Imana yiwe, ari ku zera cane, canke ku zera zindi.


Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Abizanire umuherezi, na we atangurire ku kimazi gitangirwa ivyaha, akinuse umutwe, arik’ umutumba waco ntawusature ngw awahukanye.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


Kandi Kore, mwene Imuna Umulewi, umukumirizi w’irembo ry’i burasirazuba, ni we yar’ ajejwe amashikanwa bashikaniye Imana bavyigombeye, agatanga imigabane ku mashikanwa y’Uhoraho no ku bintu vyera cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite