5 cank’ ikindi kintu cose yarahiye ibinyoma; az’ akirihe uko kingana, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco: akirihe ina co ku musi nyene azotangakw ikimazi c’impongano.
Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.
Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.
non’ az’ amurihe uwo mwana w’intama kane, kuko yakoze ikintu nk’ico, akaba imburakigongwe.
Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.
Mu vyo kugungana vyose, naho yoba inka, cank’ indogoba, cank’ intama, cank’ impuzu, cank’ ikindi kintu cose cazimiye, umuntu akagifata, akavuga, ati Ngiki! urubanza rw’ abo bompi rujanwe ku Mana, uwo Imana izocira urubanza kw’ atsinzwe, az’ arihe uwo wundi ikingana na co kabiri.
Maze ni watabaza, jewe Uhoraho nzokwitaba; ni watakamba, nzovuga, nti Ndi hano. Ni wakūra ugutwaza igitugu hagati muri wewe, no gutūngira abandi urutoke, n’ibiyāgo bibi,
Mbeg’ uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ ugutwaza igitugu vyose?
Umuntu ni yabītsa mugenzi we amahera cank’ ibindi bintu, bikībirwa i we, uwavyivye ni yaboneka az’ arihe ibingana na vyo kabiri.
Ni yaramuka afatanywe inyibano ikibona, ar’ inka cank’ indogoba cank’ intama, az’ ayitangane n’iyindi y’imperekeza.
Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine.
uwo munyavyaha agasubiza ingwati nyeneyo, akagarukana ivyo yambuye, akagendera mu vyagezwe bihesha ubugingo, ntagire ivy’ ukugabitanya akora, n’ukuri azobaho, ntazopfa.
Aroni az’ ahore acoserezakw imibavu y’ibintu bimoga: az’ ayose uko bukeye mu gitondo, agiye gutunganya ya matara.
Kand’ uk’ umwaka utashe tuzozana mu ngoro y’Uhoraho ivy’ imishuzo yo mu mirima yacu, n’ivy’ imishuzo y’ivyama vyose vyo ku biti vy’amoko yose,