Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ūzokora ku nyama zaco wese azoba abaye uwera, abe inyegu yaco, kandi ni hagira umwambaro wose utarukirwako n’amaraso yaco, uwo mwambaro yatarukiyeko baze bawumesurire aho hantu hēra.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:27
11 Referans Kwoze  

Uz’ umare imisi ndwi utangira impongano ico gicaniro, uceze; maze kizoba icera cane; ikizogikorako cose kizoba kibaye icera, kibe inyegu yaco.


Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bg’Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi urtyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n’inkumbu, n’ishaka, no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe mur’ ivyo.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


yari yiyumviriye mu mutima, ati N’iyo nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.


ut’ Umuntu yojana inyama z’ikimazi zejejwe mu mutwe w’impuzu yiwe, maz’ agakoza uwo mutwe w’impuzu ku mutsima canke mu mufa canke muri vino canke mu mavuta ya elayo canke ku co kurya cose, mbega vyoca biba ivyera? Abaherezi barishura, bati Na mba!


Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse.


Izinamuhungu wese wo muri bene Aroni yemererwa kubiryako; bibaye umwanya wabo w’intahava, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, wo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; ūzobikorako wese azoba abaye uwera, abe inyegu yavyo.


Ubirobanure, kugira ngo bize bibe ivyera cane: ikizobikorako cose kizoba kibaye icera, kibe inyegu yavyo.


baramwinginga ngo bakore ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa, ababukozeko bose barakira.


Ni hagira inyama zikora ku kintu gihumanya ntizize ziribge, ariko ziturirwe. Umuntu wese adahumanye ni we yemererwa kurya ku nyama z’ico kimazi.


Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite