Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu umuherezi azotanga, rize rishe ryose, ritōngōke: ntirize riribge na mba.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:23
8 Referans Kwoze  

Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.


Umuherezi wo mu bana biwe azorobanuzwa amavuta, amusubiriye mu gishingo, aze yame anshikanira iryo shikanwa, bibe icagezwe c’intahava: ryose rize rishe ritōngōke.


Uhoraho abarira Mose,


Uwo muherezi yarobanujwe amavuta, aheze yābīre ku maraso y’iyo masa, ayazane mw ihema ry’ibonaniro:


ivy’ iyo masa vyose iyo biva bikagera, abijane inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye, aho basēsa umunyota, abigereke ku nkwi, abiturire; ah’ umunyota usēswa abe ari ho bituririrwa.


Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero.


Kand’ ivya ya masa y’ikimazi catangiwe ivyaha, n’ivya ya mpene y’ikimazi catangiwe ivyaha nyene, bimwe amaraso yavyo yinjijwe Ahēra kuba impongano, babiterure, babijane inyuma y’aho mushagaje, baturire insāto zavyo, n’inyama zavyo, n’amayezi yavyo;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite