Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Baze bayivangire n’amavuta ya elayo ku cuma gikaranga; ni yamara guhwana, bayizane; baze batange iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ar’ utumanyagu dukaranze, ngo ribe umubabge ummotera neza.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:21
8 Referans Kwoze  

Kand’ ishikanwa ryanyu ni ryaba iry’ ivyakaranzwe ku cuma vyakozwe mw ifu, bize bibe ivyakozwe mw īgogōretse, ata mwambiro, vyacumbanywe n’amavuta ya elayo.


Ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu vyokejwe mu ziko, n’ibindi vyose vyakozwe mw ifu bikaranganywe n’amavuta, bo n’ivyataraguwe ku cuma gikaranga, bizoba ivy’ umuherezi abihereje.


Umwe mu Balewi yitwa Matitiya, imfura ya Shalumu wo mu ba Kora, ni we yar’ ajejwe ivy’ udutsima dukarangwa.


Umuherezi wo mu bana biwe azorobanuzwa amavuta, amusubiriye mu gishingo, aze yame anshikanira iryo shikanwa, bibe icagezwe c’intahava: ryose rize rishe ritōngōke.


Ni yagitanga kubgo gukenguruka, ico kimazi co gukenguruka az’ agitangane n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, bo n’utundi dutsima tubēhūye, tutambiwe nyene, twasutswekw amavuta, n’utundi nyene twacumbanywe n’amavuta, twacumbge mw ifu igogōretse ivangishijwe amavuta ngw ihwane.


no gukora ivy’ imitsima y’ibiterekērwa, n’ivy’ amafu agogōretse yo gushikana kw ishikanwa ry’amafu, ar’ ishikanwa ry’udutsima tutambiwe, ar’ iry’ udukaranzwe, ar’ iry’ ifu ivangishijwe amavuta ya elayo, no kugeresha ingero, no kugeresha metero;


Kand’ ikibumbano cose cokorokerwamwo na kimwe muri vyo, ivyoba muri co vyose vyoba bihumanye, na co ubgaco mwoba mukwiye kukimena.


Ikintu c’ikibumbano umunyagisokoro azokorako, kize kimenwe; na ho ni caba ikibazano, kize cunyugurishwe amazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite