Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Izinamuhungu wese wo muri bene Aroni yemererwa kubiryako; bibaye umwanya wabo w’intahava, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, wo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; ūzobikorako wese azoba abaye uwera, abe inyegu yavyo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:18
19 Referans Kwoze  

Uz’ ubirīre ahantu hēra cane; izinamuhungu wese wo mu bawe yemererwa kubiryako: bize bikubere ivyera.


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kizoba ar’ icera cane.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera.


Ūzokora ku nyama zaco wese azoba abaye uwera, abe inyegu yaco, kandi ni hagira umwambaro wose utarukirwako n’amaraso yaco, uwo mwambaro yatarukiyeko baze bawumesurire aho hantu hēra.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Uz’ umare imisi ndwi utangira impongano ico gicaniro, uceze; maze kizoba icera cane; ikizogikorako cose kizoba kibaye icera, kibe inyegu yaco.


Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro?


Uhoraho abarira Mose,


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kize kirīrwe ahantu hēra: n’icera cane.


Uhoraho abarira Aroni, ati Rāba ndakujēje amashikanwa ngerewe; ivyo Abisirayeli bazorobanura vyose ni wewe mbihaye, mwe n’abana bawe, kuko mwarobanujwe amavuta, ngo bibe umuturi wanyu w’ibihe vyose.


namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje aho bahora bakererera ikimazi co kwosa: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa, kibe ikimazi gitangiwe ivyaha.


Maz’ umuherezi yambare wa mwambaro wiwe wera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; aheze ayore umunyota w’ ikimazi coshejwe, ic’ umuriro watōngōreye ku gicaniro, awufashe i ruhande y’igicaniro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite