Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ntibaze babicumbane n’umwambiro. Ndabibahaye, bibe umugabane wabo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; n’ivyera cane, nk’ukw ikimazi gitangirwa ivyaha kimeze, bo n’ic’ impongano.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:17
14 Referans Kwoze  

ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi gitangirwa ivyaha: aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha, imbere yanje: n’icera cane.


Ntihaze hagire ishikanwa ryakozwe mw ifu munshikanira ryacumbanywe n’umwambiro: kuko mudakwiye kugira umwambiro cank’ ubūki mwosa ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro munshikaniye.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Iki ni co cagezwe co ku kimazi c’impongano: kizoba ar’ icera cane.


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kizoba ar’ icera cane.


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kize kirīrwe ahantu hēra: n’icera cane.


Uyarobanuze n’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, n’ibintu vyaco vyose, uceze: nuko kizoba kibaye icera cane.


Uz’ umare imisi ndwi utangira impongano ico gicaniro, uceze; maze kizoba icera cane; ikizogikorako cose kizoba kibaye icera, kibe inyegu yaco.


Umuherezi ahereje ico kimazi co gutangirwa ivyaha az’ abe ari we akirya: kize kirīwe ahantu hēra, ni ho mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.


Nk’uko bigenzwa ku kimazi gitangirwa ivyaha, ni ko bigenzwa no ku kimazi c’impongano: icagezwe cavyo ni kimwe: umuherezi ahereje iyo mpongano, ni we kizoba iciwe.


Mose abariritsa ca kimazi c’impene catangiwe ivyaha, asanga catongotse. Arakira bene Aroni basigaye, Eleyazari na Itamari, arababaza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite