Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ibisigaye kuri vyo Aroni n’abana biwe babirye, babirye bitambiwe, babirīre ahantu hēra, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro abe ari ho babirīra.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:16
13 Referans Kwoze  

Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Umuherezi ahereje ico kimazi co gutangirwa ivyaha az’ abe ari we akirya: kize kirīwe ahantu hēra, ni ho mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.


Barye inyama zawo mur’ iryo joro nyene, zitaze, bazikoze imitsima itambiwe n’imboga zirura.


Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, cank’ umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima ikeye n’ukuri.


Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


Uhoraho abarira Aroni, ati Rāba ndakujēje amashikanwa ngerewe; ivyo Abisirayeli bazorobanura vyose ni wewe mbihaye, mwe n’abana bawe, kuko mwarobanujwe amavuta, ngo bibe umuturi wanyu w’ibihe vyose.


Ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu umuherezi azotanga, rize rishe ryose, ritōngōke: ntirize riribge na mba.


Kandi Kore, mwene Imuna Umulewi, umukumirizi w’irembo ry’i burasirazuba, ni we yar’ ajejwe amashikanwa bashikaniye Imana bavyigombeye, agatanga imigabane ku mashikanwa y’Uhoraho no ku bintu vyera cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite