Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Umuherezi aheze akamate urushi rumwe kur’ iyo fu igogōretse y’iryo shikanwa, no ku mavuta yo kuri yo, n’imibavu yose igeretse kur’ iryo shikanwa ry’ifu, avyosereze ku gicaniro kuba umubabge umota neza, bimbere icibutso caryo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:15
5 Referans Kwoze  

Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Iki ni co cagezwe ku vy’ ishikanwa ry’amafu: bene Aroni baze barihereze bar’ aho nyene imbere yanje, imbere y’igicaniro.


Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite