Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 6:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuk’ umuriro wo ku gicaniro uze wame waka, ntuzime; umuherezi aze yame awucana, awurundekw inkwi uko bukeye, aheze azigerekekw ivy’ ikimazi co kwoswa, acoserezekw ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 6:12
14 Referans Kwoze  

Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.


kandi natunganije n’ivyo kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, bo n’ay’ imishuzo. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


ariko haba hasigaye kwitegana ubgoba gucirwakw iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.


Maze yambure iyo myambaro yiwe, yambare iyindi, aheze aje gusēsa uyo munyota inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye.


Umuriro uze wame waka ku gicaniro udahengeshanya, ntuz’ uzime.


Kand’ icumba kirābana n’i burārūko n’ic’ abaherezi bājejwe igicaniro: ari bo bene Sadoki, ni bo bo mu ruvyaro rwa Lewi bēgēra Uhoraho ngo bamukorere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite