Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 5:7
24 Referans Kwoze  

Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.


atange ku vy’uwo ashoboye kuronka, kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ico kwoswa, hamwe n’ishikanwa ry’ifu: uwo arikw arahumanurwa, umuherezi amuhongerere imbere yanje.


kandi ngo batange ikimazi, nk’uko vyavuzwe mu vyagezwe n’Umwami Imana, ngw Intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri.


Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ ubuhumane bgiwe.


Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa;


Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Iki ni co cagezwe co ku kimazi c’impongano: kizoba ar’ icera cane.


Imisi y’uguhumanurwa kwiwe ni yaramuka ishize, yo ku muhungu canke ku mukobga, az’ azane umwagazi w’intama utarengeje umwaka kw ikimazi co kwoswa, n’icana c’inuma cank’ intunguru, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, abizanire umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro:


Kand’ atange imwe muri za ntunguru canke kimwe muri vya vyana vy’inuma, ivy’ uwo ashoboye kuronka;


ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugabo cank’ umugore ni yakora icaha cose mu vy’abantu bagenda bakora, agatsindwa n’urubanza;


Maze ku w’umunani az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


maz’ umuherezi atange kimwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi agitange kw ikimazi co kwoswa, amutangire impongano y’icaha yazaniwe n’uwo muvyimba, yēze umutwe wiwe kur’ uwo musi.


Arik’ uwasezeranye ni yaba umworo, ntashobore ico waciriye, baze bamujane imbere y’umuherezi, uwo muherezi amucire ico akwiye: amucire igiciro gihwanye n’ico uwasezeranye ashobora gutanga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite