Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 5:6
13 Referans Kwoze  

icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane impene kw ikimazi ciwe, y’ishashi itagira agasembga, yo gutangirwa icaha ciwe yakoze.


Kandi ni yaramuka azanye umwana w’intama kw ishikanwa ry’ikimazi co gutangirwa ivyaha, az’ azane ishashi itagira agasembga.


Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.


No ku rubaraza rw’ikirimba hār’ ameza abiri ku ruhande rumwe, n’ ayandi abiri ku rundi, yo kubāgirakw ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi bitangirwa ivyaha n’ibimazi bitangirwa ibicumuro.


Anzanire ico kimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira gikwiranye n’ikimazi c’impongano; agishire umuherezi.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Aze yongere anyiyegurire jewe Uhoraho imisi y’ubunaziri bgiwe, azane isuguru y’intama itarengeje umwaka kw ikimazi c’impongano; arikw imisi yiwe ya mbere izoba yapfuye ubusa, kuk’ ubunaziri bgiwe bgahumanye.


Umusi azosubira gushika ahēra, agashika mu nyubakwa, akaja ahēra ngw ahereze, az’ atange ikimazi co kubgiwe gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite