Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.
Maze Shekaniya mwene Yehiyeli, umwe wo mu bandurutse kuri Elamu, abgira Ezira, ati Twacumuye ku Mana yacu, ko twābiriye abanyamahangakazi bo mu mahanga yo mur’ ibi bihugu; yamara naho bimeze birtyo haracar’ ivyizigiro vy’ukw Abisirayeli bokira.