Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 5:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi ni hagira umuntu akora icaha, agakora na kimwe mu vyo nabuzanije; naho yoba agikoze atabizi, aba atsinzwe, kand’ azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 5:17
11 Referans Kwoze  

Ni hagira umuntu mu banyagihugu akora icaha atabigize ibigirankana, mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, akikwegera gutsindwa n’urubanza;


Kand’ ikoraniro ryose ry’ Abisirayeli ni ryaramuka ricumuye, ritabigize ibigirankana, ntibabimenye, bakoze mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, bakikwegera gutsindwa n’urubanza;


Ni nde ashobora kwimenyakw amafuti? Ntumparūrekw ivyaha vyanyinyegeje.


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


Umukuru ni yakora icaha, akagira ico akora mu vyo jewe Uhoraho Imana yiwe nabuzanije vyose, atabigize ibigirankana, akikwegera gutsindwa n’urubanza;


Arik’ ūtar’ abizi, agakora ibikwiye kumukubitisha, azokubitwa nkeya. Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabīkijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi.


Ariko, ūkekeranya wese iy’ ariye aba atsinzwe, kuko bitaba bivuye ku kwizera: ikitava ku kwizera cose n’icaha.


Az’ azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ibe ikimazi c’ impongano. Uwo muherezi az’ amuhongere kur’ ico kintu yacumuye atabigize ibigirankana, atabizi, na we azoharirwa.


Ico kizoba ar’ ikimazi c’impongano: n’ukuri koko, azoba yaratsinzwe imbere yanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite