Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 5:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 5:16
22 Referans Kwoze  

aze yature icaha yakoze, arihe n’ico kintu uko kingana, camukwegeye gutsindwa, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, akirihe uwo yagiriye nabi.


Umuntu ni yaramuka ariye ku kintu cejejwe atabizi, az’ akirihe, asubize umuherezi ikingana n’ico kintu cejejwe yariye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco.


Maz’ umuntu ni yagomba gucungura ikigiracumi ciwe mur’ ivyo, ico agicunguje akigerekekw ikingana n’ikigiragatanu caco.


Na ho ni caba ico mu bitunzwe bizira, uwo muntu az’ agicungure nk’uko waciriye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco; ariko ni kitacungurwa, kize kigurwe nk’uko waciriye.


Arik’ uwayirobanuye akayitanga, ni yagomba kuyicungurira, ayigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu cayo, nk’uko yaciriwe, ibone kuba iyiwe.


Arik’ uwagitanze, ni yagomba kucicungurira, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, nk’ uko caciriwe.


Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Abanyankira ubusa baruta umushatsi wo ku mutwe wanje mu bginshi: Abagomba kundandura, banyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma, barahambaye: Ni ho narihishijwe ico ntatwaye.


Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine.


Aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi c’impongano; amaraso yaco baze bayamijagire ku gicaniro impande zose.


Ariko nyene kugirirwa nabi, namb’ ata mwene wabo wo hafi yasize, yokirihwa, indihano ya wa wundi yatsinzwe iz’ ibe iyanje Uhoraho, ihabge umuherezi, ayigerekekw impongano y’impfizi y’intama, bayimutangirekw impongano.


Barabishura, bati Ni mwarungika iyo sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuze muyirungike yonyene, ariko muyisubizanyeyo n’impongano muhongeye Imana: ni ho muzobona gukira, mumenye n’icatumye ukuboko kwayo kutabatenzukira.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite