Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 5:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 5:13
16 Referans Kwoze  

Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro?


Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.


Ngo Ntiyamutoranije mu miryango yose y’Abisirayeli, ngw abe umuherezi wiwe, aje ku gicaniro ciwe, yose imibavu, yambare efodi imbere yiwe? Ngo Kandi ntiyahaye inzu ya sogokuruza ibimazi vyose Abisirayeli batanga vyo gutongorwa n’umuriro?


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kize kirīrwe ahantu hēra: n’icera cane.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.


Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.


Nuk’ umuntu ni yaramuka atsinzwe na kimwe mur’ ivyo bidōnzwe, aze yature icaha yakoze,


Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.


Aheze ayizanire umuherezi, na we ayikamatek’ urushi rumwe rwo kuba icibutso cayo, ayosereze ku gicaniro, ayishize ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’ umuriro: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Uhoraho abarira Mose,


Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite