Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 5:11
23 Referans Kwoze  

nuk’ uwo mugabo akwiye kujana umugore wiwe ku muherezi, amujanane n’ishikanwa amutangiriye ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu ya sayiri; ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ishikanwa ry’ifu rizanywe kubg’ ifūhe, ar’ ishikanwa ry’icibutso, cibutsa ibigabitanyo.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakūre imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;


Aheze ayizanire umuherezi, na we ayikamatek’ urushi rumwe rwo kuba icibutso cayo, ayosereze ku gicaniro, ayishize ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’ umuriro: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Yābīre ku maraso y’ico kimazi gitangirwa ivyaha, ayacucagire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe; ayandi maraso ayamiminurire hasi hambavu y’igicaniro: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Ingero yitwa efa irimw’ izitwa omeru cumi.


Babigeze kuri ya ngero yitwa omeru, uwegeranije vyinshi asanga nta co asāguye; uwegeranije bike asanga nta co akehaniwe: umuntu wese asanga yegeranije ibihwanye n’igisa ciwe.


kandi ngo batange ikimazi, nk’uko vyavuzwe mu vyagezwe n’Umwami Imana, ngw Intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri.


Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa azompa ni caba ar’ inyoni, az’ atange intunguru cank’ ivyana vy’ inuma.


at’ Iri ni ryo shikanwa rya Aroni n’abana biwe, bakwiye kuzokwama banshikanira, uhereye ku musi Aroni azorobanuzwa amavuta: ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse, ngo kize kibe ishikanwa ry’ifu ry’ubudasība; igice cayo kize gishikanwe mu gitondo, ikindi ku mugoroba.


Kandi ni yaba ar’ umworo, ntashobore kuronka ibingana birtyo, aze yābīre umwana w’intama w’isuguru, kuba ikimazi c’impongano co kuzunguzwa, ngw acīhongere, bo n’ikigiracumi c’ingero y’ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, co kuba ishikanwa ry’ifu, na logi imwe y’amavuta ya elayo;


Arik’ uwasezeranye ni yaba umworo, ntashobore ico waciriye, baze bamujane imbere y’umuherezi, uwo muherezi amucire ico akwiye: amucire igiciro gihwanye n’ico uwasezeranye ashobora gutanga.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite