Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu gikingiriye Ahēra cane.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 4:6
22 Referans Kwoze  

Nuko Yosuwa amaze kubarira abantu, ba baherezi ndwi bashirako baragenda, batwaye za nzamba ndwi, bar’ imbere y’Uhoraho, bagenda barazivuza; isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja inyuma.


Kand’ abaherezi ndwi baze bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu; maze ku musi ugira indwi muze muzenguke ico gisagara ibihetangabo ndwi; kand’ abo baherezi baze bagende baravuza izo nzamba.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.


Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


Aheze agicucagirekw ayo maraso n’urutoke rwiwe ibihetangabo ndwi, agihumanure, aceze kugira ngo kivek’ ubuhumane bg’Abisirayeli.


Kandi yābīre ku maraso ya ya masa, ayacucagize urutoke kur’ uwo mutemere wo guhongerako ku ruhande rw’i burasirazuba, atekw ayacucagize urutoke nyene imbere y’iyo ntebe ibihetangabo ndwi.


Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa; uwo muherezi aheze amuhongerere imbere yanje:


ayacucagirishe urutoke rwiwe rwo ku kuryo imbere yanje ibihetangabo ndwi;


akoze urutoke rwiwe rwo ku kuryo mur’ ayo mavuta ari ku rushi rwiwe rw’i bumoso, ayacucagirishe urwo rutoke rwiwe imbere yanje ibihetangabo ndwi;


Abana biwe bamuhēreza amaraso, ayajōbekamw’ urutoke, ayasīga ku mahembe y’igicaniro, ayandi ayavyagiza hasi hambavu y’igicaniro:


Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu.


Maze Eleyazari umuherezi akoze urutoke mu maraso yayo, ahagarare ahatumberanye n’umuryango w’ihema ry’ibonaniro, ayacucagire ibihetangabo ndwi.


Iyo myaka yabaye nk’isabato, muharūre ayo masabato murumye ndwi, muyirumye imyaka ndwi ibihetangabo ndwi; ico gihe muzosanga harimw’ amasabato ndwi y’imyaka, ni yo myaka mirongwine n’icenda.


yinjiza iyo sandugu mw ihema, amanika ca gihuzu co gukingīra Ahēra cane, gikingīra iyo sandugu y’Ibishinga intahe, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Ashira na ca gicaniro c’izahabu mur’ iryo hema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu,


Ayacucagira ku gicaniro ibihetangabo ndwi, arayakirobanuza bo n’ibintu vyaco vyose, bo n’ikigārigāri co gukaraba n’intebe yaco, ngw avyeze.


Aheze ayacucagire ibihetangabo ndwi kur’ uwo nyene guhumanurwa ngw avekw imibembe, avuge kw ahumanutse, arekurire iyo nyoni idora mu gahinga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite