Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 4:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Kandi ni yaramuka azanye umwana w’intama kw ishikanwa ry’ikimazi co gutangirwa ivyaha, az’ azane ishashi itagira agasembga.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 4:32
19 Referans Kwoze  

icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane impene kw ikimazi ciwe, y’ishashi itagira agasembga, yo gutangirwa icaha ciwe yakoze.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.


yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Yaracuranguzwa, yamar’ akarendeka, ntiyakūrak’ umunwa; nk’ umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro, canke nk’ukw intama itekerereza imbere y’abayikemura, ni kw atākūyek’ umunwa.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Umwagazi wanyu uz’ ube ūtagira agasembga, w’isuguru itarengeje umwaka: muze muwukūre mu ntama canke mu mpene.


Ni mubarire ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, ku musi ugira icumi w’ uku kwezi, umuntu wese yiyabīrire umwagazi w’intama, ukw amazu ya ba se angana, umwagazi umwe‐umwe mu nzu yose.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite