Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 4:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 4:31
39 Referans Kwoze  

Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Uheze wosereze ivy’ iyo ntama vyose ku gicaniro: kizoba ar’ ikimazi noserejwe, jewe Uhoraho, n’umubabge umota neza, ikimazi nshikaniwe, gitōngōwe n’umuriro.


Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.


Arik’ uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana,


Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Vyahimbaye Uhoraho kudūza ivyagezwe no kuvyubahiriza, kubg’ ukugororoka kwiwe.


None rero ni mwijanire amashūri ndwi n’impfizi z’intama ndwi, muje ku musavyi wanje Yobu, mwitangire ibimazi vyoswa; kand’ umusavyi wanje Yobu azobasabira, kukw ari we nzokwemera, kugira ngo noye kubagirira nk’uk’ ubupfu bganyu bumeze; kuko mutamvuzekw ibiroranye, nk’uk’ umusavyi wanje Yobu yagize.


kugira ngo baze bahore baha Imana Nyen’ ijuru ibimazi vy’umubabge umota neza, kandi bansabire kuramba, jewe umwami n’abahungu banje.


Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose, avyosereze ku gicaniro.


Aheze afate amababa yaco agitānye, ariko ntacahukanye: maz’ uwo muherezi acosereze ku gicaniro, akigeretse ku nkwi ziri ku muriro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.


Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa; uwo muherezi aheze amuhongerere imbere yanje:


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Umuherezi aheze amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano c’icaha ciwe yakoze, ayitangire imbere yanje; na we azoharirwa ico caha yakoze.


Umuherezi az’ atangire impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, na bo bazoharirwa; kuko batābikoze ibigirankana, kandi bakazoba bazanye ikimazi cabo co gutōngōrwa n’ umuriro nshikaniwe, jewe Uhoraho, bo n’ikimazi cabo co gutangirwa ivyaha aho nyene imbere yanje, batangiye ico caha cabaguyeko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite