Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 4:3
32 Referans Kwoze  

Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho.


igicumuro bacumuye ni camenyekana, iryo shengero rize ritange imasa y’umukangara kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bayizane imbere y’ihema ry’ibonaniro.


Ni co gituma akwiye no kwitangira ibimazi vy’ivyiwe vyaha, nk’ukw abitangira abandi bantu.


Maz’ abāgarutse bavuye mu kinyago bosereza Imana y’Abisirayeli ibimazi; batanga amamasa cumi n’abiri kw ikimazi c’Abisirayeli bose, n’amapfizi y’ intama mirongwicenda n’atandatu, n’imyagazi y’intama mirongwirindwi n’indwi; batanga n’amasuguru y’impene cumi n’abiri kw ikimazi gitangirwa ivyaha; ivyo vyose vyabaye ikimazi coserezwa Uhoraho.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Abaherezi b’ Abalewi, bo mu ruvyaro rwa Sadoki, ari bo bampora hafi ngo bankorere, uz’ ubahe imasa y’umukangara, ibe ikimazi gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Wābīre ku maraso yo ku gicaniro, no kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, ubicucagire Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo; nukw azoba yejejwe, bo n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’ imyambaro yabo.


Arikw inyama z’iyo masa, n’urusato rwayo, n’amayezi yayo, ubituririre inyuma y’insago: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Maze wābīre amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, uyamusuke mu mutwe, uyamurobanuze.


Maze bābīre imasa y’umukangara, n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo; wābīre n’ iyindi masa y’umukangara nyene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe, akerere iyo masa y’ikimazi c’ivyaha yitangiriye.


Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe.


Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Aroni az’ ahongere ico gicaniro rimwe gusa mu mwaka; amaraso y’ikimazi c’impongano gitangirwa ivyaha az’ ayakoze ku mahembe yaco, abe ari yo akibera impongano rimwe gusa mu mwaka, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: ico gicaniro kizoba icera cane, cerejwe jewe Uhoraho.


Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira.


Uwo muherezi yarobanujwe amavuta, aheze yābīre ku maraso y’iyo masa, ayazane mw ihema ry’ibonaniro:


icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi ciwe.


icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane impene kw ikimazi ciwe, y’ishashi itagira agasembga, yo gutangirwa icaha ciwe yakoze.


Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?


Bazana amamasa ndwi, n’amapfizi y’intama ndwi, n’imyagazi y’intama ndwi, n’amapfizi y’impene ndwi nyene, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, ngo babitangire ubgami n’urusengero n’Abayuda. Abarira abaherezi bene Aroni kubitangira ku gicaniro c’Uhoraho.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Izinamuhungu wese wo muri bene Aroni yemererwa kubiryako; bibaye umwanya wabo w’intahava, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, wo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; ūzobikorako wese azoba abaye uwera, abe inyegu yavyo.


Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa;


Aroni uku abe ari kw azogenza, mu kwinjira Ahēra: aze yābīre imasa y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa.


Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa.


No ku rubaraza rw’ikirimba hār’ ameza abiri ku ruhande rumwe, n’ ayandi abiri ku rundi, yo kubāgirakw ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi bitangirwa ivyaha n’ibimazi bitangirwa ibicumuro.


Umusi azosubira gushika ahēra, agashika mu nyubakwa, akaja ahēra ngw ahereze, az’ atange ikimazi co kubgiwe gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite