Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 4:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ni hagira umuntu mu banyagihugu akora icaha atabigize ibigirankana, mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, akikwegera gutsindwa n’urubanza;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 4:27
14 Referans Kwoze  

ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo;


Kand’ umuntu ni yakora icaha ku mutumba wiwe, mu buryo butar’ ubg’ ibigirankana, az’ atange impene ivyara itarengeje umwaka kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Kand’ ikoraniro ryose ry’ Abisirayeli ni ryaramuka ricumuye, ritabigize ibigirankana, ntibabimenye, bakoze mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, bakikwegera gutsindwa n’urubanza;


Muze mugire icagezwe kimwe ku muntu icaha caguyeko, ar’ Umwisirayeli w’imvukira cank’ umunyamahanga ababamwo.


ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugabo cank’ umugore ni yakora icaha cose mu vy’abantu bagenda bakora, agatsindwa n’urubanza;


Muze mugire icagezwe kimwe n’ibgirizwa rimwe kuri mwebge no ku munyamahanga ababamwo.


Icagezwe ni kimwe ku mvukira no ku munyamahanga yaje kuba muri mwebge.


Umukuru ni yakora icaha, akagira ico akora mu vyo jewe Uhoraho Imana yiwe nabuzanije vyose, atabigize ibigirankana, akikwegera gutsindwa n’urubanza;


Maz’ azana ibimazi abantu batanze; yābīra impene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, arayikerera, ayitanga kubg’ ivyaha, nk’uko yatanze ca kimazi ca mbere.


Kand’ abe ari k’uzohora ugenza nyene, ku musi w’indwi w’ukwezi kwose, ku vyo ugirira uwazimiye wese bo n’imburabgenge: uko ni ko muzotangira ingoro impongano.


Kandi ni hagira umuntu akora icaha, agakora na kimwe mu vyo nabuzanije; naho yoba agikoze atabizi, aba atsinzwe, kand’ azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.


Uti Kandi ni mwacumura, ntimwitondere ivyo vyagezwe vyose yantumye,


Kandi wame uzigama umusavyi wawe sinze nkore ivyaha ibigirankana, Ntibize binganze: ni ho nzobona gutungana rwose, Sinzotsindwa n’urubanza rw’ icaha gikomeye.


Ariko segaba az’ abe ari we atanga ibimazi vyo kwoswa, n’amashikanwa y’amafu, n’amashikanwa y’ibiturire, mu misi mikuru no mu mboneko z’ukwezi no ku masabato, no mu misi mikuru yose yashingiwe ab’ inzu ya Isirayeli: az’ atange ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ishikanwa ry’ amafu, n’ibimazi vyo kwoswa, n’ibimazi vy’ishimwe, kugira ngw atangire impongano inzu ya Isirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite