Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 4:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose, avyosereze ku gicaniro.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 4:19
12 Referans Kwoze  

mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Nsutswe nk’amazi, Amagufa yanje yose aradohotse, Umutima wanje umeze nk’ ishashara, Uyagiye hagati mu mara yanje.


Umuherezi az’ atangire impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, na bo bazoharirwa; kuko batābikoze ibigirankana, kandi bakazoba bazanye ikimazi cabo co gutōngōrwa n’ umuriro nshikaniwe, jewe Uhoraho, bo n’ikimazi cabo co gutangirwa ivyaha aho nyene imbere yanje, batangiye ico caha cabaguyeko.


Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa; uwo muherezi aheze amuhongerere imbere yanje:


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.


Umuherezi aheze amuhongerere imbere yanje, na we azoharirwa ico yakoze cose camutsindishije.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite