14 igicumuro bacumuye ni camenyekana, iryo shengero rize ritange imasa y’umukangara kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bayizane imbere y’ihema ry’ibonaniro.
icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi ciwe.
namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.
icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane impene kw ikimazi ciwe, y’ishashi itagira agasembga, yo gutangirwa icaha ciwe yakoze.
Kandi kur’ uwo musi segaba az’ atange imasa kw ikimazi gitangirwa ivyaha, co kubgiwe no kubg’ igihugu cose.