Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 4:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 ivy’ iyo masa vyose iyo biva bikagera, abijane inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye, aho basēsa umunyota, abigereke ku nkwi, abiturire; ah’ umunyota usēswa abe ari ho bituririrwa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 4:12
16 Referans Kwoze  

Kukw imivyimba ya vya bitungwa, ivyo umuherezi mukuru ajana amaraso yavyo ahēra kuba impongano y’ivyaha, ituririrwa inyuma y’insago.


Arikw inyama z’iyo masa, n’urusato rwayo, n’amayezi yayo, ubituririre inyuma y’insago: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Kand’ ivya ya masa y’ikimazi catangiwe ivyaha, n’ivya ya mpene y’ikimazi catangiwe ivyaha nyene, bimwe amaraso yavyo yinjijwe Ahēra kuba impongano, babiterure, babijane inyuma y’aho mushagaje, baturire insāto zavyo, n’inyama zavyo, n’amayezi yavyo;


Iyo nka iheze ituririrwe aho nyene imbere yiwe; iturirwe yose, uhereye ku rusato rwayo n’inyama zayo n’ubuseri bgayo n’amayezi yayo.


Muyihe Eleyazari umuherezi, ijanwe inyuma y’aho mushagaje, ikerererwe imbere yiwe.


Uhoraho abarira Mose, at’ Uyo muntu akwiye kwicwa: ishengero ryose ni rimwicishirize amabuye inyuma y’aho mushagaje.


ar’ icitwa izinamuhungu cank’ izinamukobga, mubakūreho, mubashire hirya y’aho mushagaje, kugira ngo ntibahahumanye, kand’ ari ho mba hagati.


Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; mber’ azoba ar’ igihumane, abe ukwiwe: az’ abe hirya y’aho mushagaje.


Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero.


Kand’ ikimazi cose gitangirwa ivyaha, amaraso yaco akajanwa mw ihema ry’ibonaniro, agahongerwa ahēra, ntikize kiribge na mba: ariko kize giturirwe.


Arikw ivy’ iyo masa, urusato rwayo n’inyama zayo n’amayezi yayo abituririra inyuma y’aho bashagaje, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Maz’ inyama zaco n’urusāto abituririra inyuma y’aho bashagaje.


Kand’ uze wābīre iyo masa y’ikimazi gitangirwa ivyaha, bagituririre ahāshinzwe mu gikebere c’iyo ngoro, inyuma y’ahēra.


iy’ akoze ico caha, akumva kw atsinzwe, az’ arihe ico yambuye, cank’ ico yaronkeshejwe n’agahahazo, cank’ ico yabikijwe, cank’ icari cazimiye yatoye,


Ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu umuherezi azotanga, rize rishe ryose, ritōngōke: ntirize riribge na mba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite