8 Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.
Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.
Muri we ni ho duhērwa ubushizi bg’ubgoba no gushikīra Imana tuyizigiye, kubgo kumwizera.
kuko, uko tur’ amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe.
Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.
ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.
Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.
Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.
Arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje aho bahora bakererera ikimazi co kwosa: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.
Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje.
Azane iyo masa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje.
Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yayo ku gicaniro impande zose.
Az’ agikererere i ruhande y’igicaniro, ahahera i burārūko, imbere yanje; bene Aroni abaherezi bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.
Maz’ arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa kumubera impongano.