Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 3:17
42 Referans Kwoze  

Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo.


kukw iki ar’ amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.


Mugabo ntimuze murye ubuseri bgavyo: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Mugabo, muze mwirinde ntimurye ubuseri, kukw amaraso ari yo bugingo: ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo.


ati Barira Abisirayeli, uti Ntimuze mwigere murya ku binure, ar’ ivy’ inka, canke vy’intama, canke vy’ impene.


Mugabo ntimuze murye ubuseri: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Ntibaze bapfe basubiye gukererera ibisigo vy’amapfizi y’impene ibimazi vyabo, ari vyo bahurumbira nk’ ibimaka. Ico kize kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Izinamuhungu wese wo muri bene Aroni yemererwa kubiryako; bibaye umwanya wabo w’intahava, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, wo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; ūzobikorako wese azoba abaye uwera, abe inyegu yavyo.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.


Arikw abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo bājejwe vy’ahēra hanje igihe Abisirayeli bāzimira bakanta, abo bo bazonyegēra kugira ngo bankorere; bazohagarara imbere yanje bampēreza ibinure n’amaraso, ni k’Umwami Uhoraho agize:


Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Abaha n’amata y’urubu n’ amatāmatāma, N’ibinure vy’abana b’intama n’ivy’ amapfizi y’intama, N’amasho y’i Bashani, n’ impene, N’ingano zitengengeye nziza; Mwanyoye vino, ari yo maraso y’inzabibu.


Kandi ntimuze mugire umutsima w’iyo fu murya, cank’ impeke muhekenya, ar’ izikaranze canke mbisi, uwo musi utarashika, ngo muzane iryo shikanwa ryanje Imana yanyu: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava mu ngo zanyu zose, no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.


Uhoraho yashinze yukw Abisirayeli bazohora babaha uwo mwanya, uhereye ku musi barobanuriweko; uzoba umuturi wabo ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimw’ ico gutabga, iyo cakiriwe n’ūshima:


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava. Kand’ ūzoba acucagiye ayo mazi ahumanura az’ amesure impuzu ziwe; ūzoyakorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Ico kize kibabere icagezwe c’intahava, yukw azokwama atangira Abisirayeli impongano kubg’ ivyaha vyabo vyose, rimwe gusa uk’umwaka utashe. Nuko Aroni agenza nk’ uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Uhoraho abarira Mose,


Umuherezi wo mu bana biwe azorobanuzwa amavuta, amusubiriye mu gishingo, aze yame anshikanira iryo shikanwa, bibe icagezwe c’intahava: ryose rize rishe ritōngōke.


Kuko ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, mbishinguye ku bimazi vy’Abisirayeli vy’ishimwe, mbihaye Aroni umuherezi, n’abana biwe, kuba umuturi bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose.


ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n’abana bawe, igihe mugira mwinjire mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: ico kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana,


Igikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi bo n’inkoro yo kuzunguzwa, baze bahore babizanana n’ishikanwa ry’ibinure ryo gutōngōrwa n’umuriro, ngo babizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: ivyo bizoba ivyawe n’ivy’ abana bawe, bibe umuturi wanyu w’intahava, nk’uk’ Uhoraho yageze.


Ibi bize bibabere icagezwe c’intahava: mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


Kur’ uwo musi nyene muze mutāngāze kw ar’ umusi mukuru: muze muwugire uwo gukorana kwera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava mu ngo zanyu zose no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.


Inyuma ya ca gihuzu gikingiriye vya Bishinga intahe, mw ihema ry’ibonaniro, az’ abe ari ho Aroni azokwama aritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo ubudasība: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


yambare Aroni n’ abana biwe, uko bagiye kwinjira mw ihema ry’ibonaniro, cank’ uko bagiye kwegera igicaniro ngo bakorere Ahēra; kugira ngo ntibagībgeko n’ibigabitanyo, bagapfa: ico kize kimubere icagezwe c’intahava, bo n’uruvyaro rwiwe uko ruzogenda rukurikirana.


Umuherezi aheze akamate urushi rumwe kur’ iyo fu igogōretse y’iryo shikanwa, no ku mavuta yo kuri yo, n’imibavu yose igeretse kur’ iryo shikanwa ry’ifu, avyosereze ku gicaniro kuba umubabge umota neza, bimbere icibutso caryo.


Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze.


Kand’ iyo mitsima iz’ ibe iya Aroni n’abana biwe; baze bahore bayirīra ahantu hera, kukw ar’ umugabane wiwe wera cane w’intahava agerewe mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Nuk’ ubuseri ntimukaburye: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Kand’ ivyo bimazi vyo kwoswa vyari vyinshi cane, hamwe n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, n’ amashikanwa y’ibiturire yagendana n’ikimazi cose co kwoswa. Uko ni kw ibikorwa vyo mu ngoro y’ Uhoraho vyatunganijwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite