Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi ni yatanga impene kw ishikanwa ryiwe, az’ ayizane imbere yanje.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 3:12
15 Referans Kwoze  

Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Kuko yakuriye imbere yiwe nk’ikironge, kandi nk’agashami kava mw ivu rigadutse. Ntiyar’ afise ishusho nziza cank’ igikundiro, kand’ aho twamubona ntiyar’ afise ubgiza bgotumye tumwifuza.


Mose abariritsa ca kimazi c’impene catangiwe ivyaha, asanga catongotse. Arakira bene Aroni basigaye, Eleyazari na Itamari, arababaza,


Maz’ azana ibimazi abantu batanze; yābīra impene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, arayikerera, ayitanga kubg’ ivyaha, nk’uko yatanze ca kimazi ca mbere.


Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa;


Kand’ ishikanwa ry’umuntu ni ryaba ar’ ikimazi c’ishimwe akūye mu busho, ar’ imasa cank’ inyana, az’ agitange kitagira agasembga imbere yanje.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Aheze abāge ico kimazi co kwoswa, akijanjagure, agishire mu bikenye vyaco.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni haramuka hagize ūmuha ikimazi, muze mukūre ivyo bimazi mu vyo mutunze, ari mu masho canke mu mikuku.


Kandi ni yaba impfizi y’intama, muze muyitangane n’ ibigiracumi bibiri vy’ifu igogōretse vy’iyo ngero ya efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo y’ikigiragatatu c’iyo ngero ya hini;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite