Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 3:11
17 Referans Kwoze  

ati Barira Aroni, ut’ Umuntu wese azoba afise agasembga wo mu ruvyaro rwawe, ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ntaze yēgēre ngw ampēreze imfungurwa, jewe Imana yiwe.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.


Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Ni kuko mwashikanye ivyo kurya bihumanye ku gicaniro canje. Maze mukavuga, muti Twaguhumanishije iki? Ni kuko mwavuze yukw ameza y’Uhoraho ar’ igikēngēretse.


ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.


at’ Ugere Abisirayeli, ubabarire, ut’ Ibimazi vyiwe, ari zo mfungurwa ashikanirwa zitōngōrwa n’umuriro, z’umubabge umumotera neza, uti Muze muhore muvyitondera, mubimushikanire mu bihe vyavyo vyashinzwe.


N’iyo coba kizanywe n’umunyamahanga, ntimuze mwemere ikimeze girtyo na kimwe, ngo mukinshikanire kw imfungurwa, jewe Imana yanyu; ntikizokwemerwa ko mushikanye, kuko gitosekaye, kikabakw agasembga.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse.


Nsutswe nk’amazi, Amagufa yanje yose aradohotse, Umutima wanje umeze nk’ ishashara, Uyagiye hagati mu mara yanje.


Ivyo abe ari vyo muzohora mutanga uko bukeye kumara iyo misi ndwi; bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza. Bize vyongerwe ku kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ibiturire rigendanye na co.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite