Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 27:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni caba ar’ igitunzwe co mu vyo basanzwe bampakw ibimazi, ic’ ari co cose co muri ben’ ivyo umuntu azonshikanira jewe Uhoraho, ico kizoba icera.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 27:9
7 Referans Kwoze  

Arik’ uwasezeranye ni yaba umworo, ntashobore ico waciriye, baze bamujane imbere y’umuherezi, uwo muherezi amucire ico akwiye: amucire igiciro gihwanye n’ico uwasezeranye ashobora gutanga.


Ntaz’ akiguze ico bidahuje, canke ngw agikābe ikindi, ari ciza ngw agikābe ikibi, cank’ ari kibi ngw agikābe iciza: na ho ni yagikāba ikindi, icākābge bo n’ico yagikāvye, vyompi bizoba ivyera.


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga, ati N’icera, Maz’ ahejeje kwishira mw isezerano, akībaza.


Ntukundire akanwa kawe gucumuza umubiri wawe; kandi ntuz’ uvugire imbere y’umumarayika yuko kwabaye ugucorokwa: non’ Imana irinde kurakishwa n’ijwi ryawe ku ki, no gusangangura igikorwa c’amaboko yawe?


Kandi ntibaze bagire aho bagura kuri wo, canke ngo bahakābe, kand’ uwo mugabane mwiza w’igihugu ntuz’ uhabge abandi, kukw ar’ uwera, urobanuriwe Uhoraho.


Ariko mweho, mugira mut’ Umuntu wese abgira se canke nyina, at’ Ico nari kugufashisha ni co nzoshikanira Imana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite