33 Umuntu ntaze yibaze kw ari nziza canke kw ari mbi, canke ngw ayikābe iyindi: na ho ni yayikāba iyindi, iyakābge bo n’iyo yayikāvye, zompi zizoba izera: īgira icumi ntiz’ icungurwe.
Ntaz’ akiguze ico bidahuje, canke ngw agikābe ikindi, ari ciza ngw agikābe ikibi, cank’ ari kibi ngw agikābe iciza: na ho ni yagikāba ikindi, icākābge bo n’ico yagikāvye, vyompi bizoba ivyera.
Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!