Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 27:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Kandi mu masho no mu mikuku, uko zigenda ziharūzwa inkoni, ikigiracumi co mur’ izo zose kize kibe icera canje, jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 27:32
6 Referans Kwoze  

Imikuku izosubira gutaha itonze imirongo mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu bihugu biciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko, no mu gihugu ca Benyamini n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, bayiharūre, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi nzobaharūza inkoni mugenda mutonze umurongo, mbashire mu mugozi ni ryo sezerano;


Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


Maz’ umuntu ni yagomba gucungura ikigiracumi ciwe mur’ ivyo, ico agicunguje akigerekekw ikingana n’ikigiragatanu caco.


n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.


Abalewi ehe mbahaye ibigiracumi vyose Abisirayeli batanga, kuba ari vyo biba ishamvu yabo, ndabibahaye kw impembo y’ibikorwa bakora vyo mw ihema ry’ ibonaniro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite