Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.
Arikw inzu zo mu mihana idakikijwe n’uruzitiro rw’ amabuye, zize zibe kimwe n’ amatongo yo mu misozi, biremerwa ko zicungurwa: zizokomōrwa n’umwaka wa yubile.
Ariko n’atashobora kuricungura ubgiwe, iryo ryaguzwe rigumane uwariguze gushitsa ku mwaka wa yubile; maze rizokomōrwa n’uwo mwaka wa yubile, abone ukw asubira gushikīra itongo ryiwe.
Ati Kand’ igisagara n’ibiri muri co vyose bicitse inyegu y’Uhoraho; mugabo Rahabu, umwe maraya, abe ari we arokoka, bo n’abari mu nzu yiwe bose, kuko yanyegeje za ntumwa twatuma.