Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 27:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Nuko ni yahēra mu mwaka wa yubile, akarobanura iyo ndimiro yiwe, haze hagume ico giciro waciriye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 27:17
7 Referans Kwoze  

Umuntu ni yarobanura inzu yiwe, akayimpa ngw ibe iyera, umuherezi az’ ayicire igiciro imaze, gihwanye n’ukw ari nziza cank’ ari mbi; igiciro uwo muherezi azoyicira, kize kigume uko.


Umuntu ni yarobanura igice co kw itongo ryo mw ishamvu yiwe, akakimpa, mu kuhacira uz’ urīmbūre imbuto yohabibga ukw ingana: ni haba hokwirwa n’ ingero yitwa homeru ya sayiri, uhacire shekeli z’ifeza mirongwitanu.


Na ho ni yarobanura iyo ndimiro yiwe inyuma ya yubile, umuherezi az’ acire uyo amahera, arīmbūye imyaka igisigaye gushitsa ku mwaka wa yubile wundi, amanure igiciro ku vyo waciriye.


Maze ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze muvugishe inzamba y’ijwi rirenga; ku musi w’impongano az’ abe ari ho muvugisha inzamba mu gihugu canyu cose.


Muze murobanure uwo mwaka ugira mirongwitanu, mutāngāze mu gihugu cose ko habaye umwidegemvyo w’ abantu bose bo muri co: uwo mwaka uz’ ubabere uwa yubile; umuntu wese muri mwebge aheze agaruke mw itongo ryiwe, kand’ umuntu wese agaruke mu b’i wabo.


Uwo mwaka ugira mirongwitanu uze wame ubabera uwa yubile; ntimuze muwurimemwo, canke ngo mwimburire mu bigega ivyimejeje muri wo, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu itātūtūriye.


Mur’ uwo mwaka wa yubile umuntu wese muri mwebge az’ agaruke mw itongo ryiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite