15 Arik’ uwayirobanuye akayitanga, ni yagomba kuyicungurira, ayigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu cayo, nk’uko yaciriwe, ibone kuba iyiwe.
Arik’ uwagitanze, ni yagomba kucicungurira, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, nk’ uko caciriwe.
Umuntu ni yarobanura inzu yiwe, akayimpa ngw ibe iyera, umuherezi az’ ayicire igiciro imaze, gihwanye n’ukw ari nziza cank’ ari mbi; igiciro uwo muherezi azoyicira, kize kigume uko.
Umuntu ni yarobanura igice co kw itongo ryo mw ishamvu yiwe, akakimpa, mu kuhacira uz’ urīmbūre imbuto yohabibga ukw ingana: ni haba hokwirwa n’ ingero yitwa homeru ya sayiri, uhacire shekeli z’ifeza mirongwitanu.
Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.
Na ho ni caba ico mu bitunzwe bizira, uwo muntu az’ agicungure nk’uko waciriye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco; ariko ni kitacungurwa, kize kigurwe nk’uko waciriye.