Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 27:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Umuntu ni yarobanura inzu yiwe, akayimpa ngw ibe iyera, umuherezi az’ ayicire igiciro imaze, gihwanye n’ukw ari nziza cank’ ari mbi; igiciro uwo muherezi azoyicira, kize kigume uko.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 27:14
8 Referans Kwoze  

Ikintu cose mpawekw inyegu mu Bisirayeli kizoba icawe.


arikw iyo ndimiro ni yakomōrwa n’umwaka wa yubile, izoba icitse iyera yanje, nk’iyatanzwe kuba inyegu yanje; izokwegukira umuherezi.


Arik’ uwagitanze, ni yagomba kucicungurira, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, nk’ uko caciriwe.


Arik’ uwayirobanuye akayitanga, ni yagomba kuyicungurira, ayigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu cayo, nk’uko yaciriwe, ibone kuba iyiwe.


Nuko ni yahēra mu mwaka wa yubile, akarobanura iyo ndimiro yiwe, haze hagume ico giciro waciriye.


Na ho ni yarobanura iyo ndimiro yiwe inyuma ya yubile, umuherezi az’ acire uyo amahera, arīmbūye imyaka igisigaye gushitsa ku mwaka wa yubile wundi, amanure igiciro ku vyo waciriye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite