Uhoraho azobasesekariza ivyiza, agwize uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’urwo mu masho yanyu, n’ imirima yo mu ndimiro zanyu, mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.
kand’ uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo hasi, ruzogasāra i burengerazuba n’i burasirazuba n’i burārūko n’i bumanuko: kandi muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.
nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, kand’ uruvyaro rwawe nzoruha ibi bihugu vyose; kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha;
Ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, Ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, Kuko batāgumye mw isezerano ryanje, Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Nanje ndabishura, nt’ Imana yo mw ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gituma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka; ariko mweho nta mugabane, nta bubasha, nta n’icibutso mufise i Yerusalemu.
azobakunda, abahe umugisha, abagwize; azohezagira uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’imirima yo mu ndimiro zanyu, n’amasaka na vino n’amavuta ya elayo, n’ukugwira kw’ inka zanyu n’ukw’ imikuku yanyu, abihezagirire mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.