Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Ayo ni yo mabgirizwa n’ ivyashinzwe n’ivyagezwe, ivyo Uhoraho yashize hagati yiwe n’ Abisirayeli, abigereye ku musozi Sinayi, abitumye Mose.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:46
15 Referans Kwoze  

Ivyo ni vyo vyagezwe Uhoraho yagereye Mose ku musozi Sinayi, ngw abishikirize Abisirayeli.


Aya ni yo mabgirizwa n’ ivyashinzwe mukwiye kuzokwitondera, mukabishitsa, imisi yose muzoba muriho mw isi, muri mu gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu yabahaye ngo mucegukire.


Ibi ni vyo vyagezwe n’amatēka ashinzwe, Uhoraho Imana yanyu yangeze kubigisha, kugira ngo muze muvyitondere mushitse mu gihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucegukire;


Ariko muze mugendanire Uhoraho Imana yanyu, mumwubahe, mwitondere ivyagezwe vyiwe, mumwumvire, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata.


Uhoraho abaririra Mose ku musozi Sinayi,


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Warōngōje abantu bawe nk’ ubusho Ukuboko kwa Mose na Aroni.


Abo ni bo bāharūwe bo mu miryango y’aba Kohati, bose abākora ivyo mw ihema ry’ibonaniro, abo Mose na Aroni bāharūye, nk’uk’ Uhoraho yabigeze atumye Mose.


Nuko Aroni n’abana biwe babikora vyose, uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


ivyo Uhoraho yageze Mose ari ku musozi Sinayi, ku musi yageze Abisirayeli kumuzanira amashikanwa, aho nyene mu bugaragwa bg’i Sinayi.


Uhoraho abarira Mose,


Ivyo ni vyo vyagezwe n’amabgirizwa Mose yashikirije Abisirayeli atumwe n’Uhoraho, bari mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko.


Rāba ndabigishije amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, nk’uk’ Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngw abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.


Aya ni yo majambo y’isezerano, Uhoraho yabariye Mose gusezeranira n’Abisirayeli mu gihugu c’i Mowabu, yongewe kw isezerano yasezeraniye na bo kuri Horebu.


Mose yadushingiye ivyagezwe, Ni vyo shamvu y’ikoraniro ry’ aba Yakobo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite