Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Ariko kubgabo nzokwibuka isezerano nasezeraniye ba sekuruza, abo nakūye mu gihugu ca Egiputa amahanga arorēra, kugira ngo mbe Imana yabo: ni jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:45
26 Referans Kwoze  

Nd’ Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa ngo mbahe igihugu c’i Kanani, mbe Imana yanyu.


Yamara nagaruye ukuboko kwanje, ndwanira izina ryanje ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga, ari yo nyene yabahanze amaso igihe nabakūrayo.


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga barimwo, ari yo nyene ubgayo nabiyerekeye imbere, igihe nabakūra mu gihugu ca Egiputa.


nabakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Ariko, k’ukugwa kwabo ar’ ubutunzi bg’abari mw isi, n’ukugabanuka kwabo ar’ ubutunzi bg’abanyamahanga, ukugwira kwabo ntikuzorushiriza cane?


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’ amahanga, ari yo nyene yar’ abahanze amaso igihe nabakūrayo.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Kandi nzobajana mu gihugu narahiye mmanitse ukuboko ko nemeye kuzogiha Aburahamu na Isaka na Yakobo; nzokibaha kibe ishamvu yanyu; nd’ Uhoraho.


Imana yumva amaborogo yabo, yibuka isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo.


Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu,


Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe.


nanje nzokwibuka iryo sezerano ryanje nshize hagati yanje namwe bo n’ibiri n’ ubugingo vyose bifise umubiri: kand’ amazi ntazokwongera ukundi kuba umwuzure wo guhonnya ibifise umubiri vyose.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana y’inyembabazi, ntizobaheba, ntizobarandura, canke ngo yibagire isezerano yasezeranye na ba sogokuruza, ikabarahira.


Uhoraho amwiyereka iryo joro, aramubgira, ati Nd’ Imana ya so Aburahamu: ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguha umugisha, ngwize uruvyaro rwawe, kubg’ umusavyi wanje Aburahamu.


Kand’ ehe rāba ndi kumwe nawe, nzokuzigamira ah’uzoja hose, kandi nzokugarukana mur’ iki gihugu; kuko ntazokureka ntarakora ivyo nkubariye.


Ni wibuke abasavyi bawe, Aburahamu na Isaka na Yakobo; nturābe ukutagondwa kw’aba bantu, cank’ ukugabitanya kwabo, cank’ icaha cabo;


Akabibukira isezerano yabasezeraniye, Akagarukana umutima, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite