Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Ariko naho bizomera birtyo, sinzobaheba, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, kandi sinzobazinukwa, ngo ndabahenebereze rwose, mve mw isezerano ryanje nabasezeraniye: kuko nd’ Uhoraho Imana yabo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:44
20 Referans Kwoze  

Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi ukw ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana,


Yamara naho bimeze birtyo, imbabazi zawe nyinshi zakubujije kubahonnya rwose, ntiwabata, kuk’ ur’ Imana y’inyabuntu kandi y’imbabazi.


Kuk’ Uhoraho atazota abantu biwe, Kand’ atazoheba ishamvu yiwe,


Arik’ Uhoraho bamutera akagongwe, abagirira imbabazi, abasubizak’ umutima kubg’ isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo, ntiyabarandura; no kugeza n’ubu ntiyabaciye.


Ni vyaba birtyo, Abisirayeli bose bazokizwa, nk’uko handitswe, ngw I Siyoni hazova Umurokozi, Azokūra muri Yakobo ukutubaha Imana;


Yamara nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe c’ubuto bgawe, kandi nzogushirirah’ isezerano ry’ibihe bidashira.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Kubg’ izina ryawe ntutwanke urunuka; ntutītūze ingoma y’icubahiro cawe: n’utwibuke, ntiwice isezerano wasezeranye natwe.


Ariko sinzomukūrako rwose imbabazi zanje, Sinzoreka kuba umwizigirwa.


Nzoshira ihema ryanje hagati muri mwebge, kandi sinzokwigera ndabazinukwa.


Umumarayika w’Uhoraho ava i Gilugali aradūga, aja i Bokimu. Arababarira, ati Nabadūganye mbakūye muri Egiputa, mbashikana mu gihugu nasezeraniye ba sogokuruza, nkavuga, nti Nta ho nzova mw isezerano nabasezeraniye;


Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.


banka kuyumvira, canke ngo bibuke ibitangaza wakoze muri bo; ariko bagamika amazosi yabo, baragarariza, bironderera umugabisha ngo basubire mu buja bāhozemwo. Ariko wewe ur’ Imana ikunda guharira, ur’ inyabuntu, wuzuye imbabazi, uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi; nuko rero ntiwabataye.


Nk’uko se w’abana abagirira akagongwe, Ni k’Uhoraho akagirira abamwubaha.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nk’uk’ umuntu yokwerekeza umutima kur’ izi nsukoni nziza, ni ko nzowerekeza ku Bayuda, kugira ngo mbagirire neza, abo narungitse ar’ inyagano, ngo bave aha hantu baje mu gihugu c’Abakaludaya.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite