Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 ni ho nanje nzokwibuka isezerano ryanje nasezeraniye Yakobo, n’ iryo nasezeraniye Isaka, n’iryo nasezeraniye Aburahamu na ryo nzoryibuka; kandi n’igihugu na co nzocibuka.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:42
26 Referans Kwoze  

Yamara nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe c’ubuto bgawe, kandi nzogushirirah’ isezerano ry’ibihe bidashira.


Akabibukira isezerano yabasezeraniye, Akagarukana umutima, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Kandi numvise amaborogo y’Abisirayeli, Abanyegiputa bazigiye mu buja; nibuka isezerano ryanje.


Imana yumva amaborogo yabo, yibuka isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo.


Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,


Maz’ Uhoraho agirira ishaka igihugu ciwe, agirira ikigongwe abantu biwe.


Yaratwibutse aho twāri mu bufafara, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira;


kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana y’inyembabazi, ntizobaheba, ntizobarandura, canke ngo yibagire isezerano yasezeranye na ba sogokuruza, ikabarahira.


Kand’ ehe rāba ndi kumwe nawe, nzokuzigamira ah’uzoja hose, kandi nzokugarukana mur’ iki gihugu; kuko ntazokureka ntarakora ivyo nkubariye.


kuko Aburahamu yanyumviye, agashitsa ivyo namwihanikirije n’ amabgirizwa yanje n’ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje.


Nuk’ uwo munywamazi ubaye ku gicu, nanje nzowitegereza nibuke iryo sezerano ry’intahava riri hagati yanje n’ibiri n’ubugingo bifise umubiri vyose biri kw isi.


nanje nzokwibuka iryo sezerano ryanje nshize hagati yanje namwe bo n’ibiri n’ ubugingo vyose bifise umubiri: kand’ amazi ntazokwongera ukundi kuba umwuzure wo guhonnya ibifise umubiri vyose.


Uhoraho aramwiyereka, ati Ntumanuke ng’uje muri Egiputa: uz’ ube mu gihugu nzokubarira.


Kand’ Uhoraho yar’ ahagaze hejuru yaco, aramubarira, ati Nd’ Uhoraho, Imana ya Aburahamu sogokuru, Imana ya Isaka: iki gihugu uryamyemwo, nzokiguha, mwe n’uruvyaro rwawe;


Imana iramubarira, iti Ni jewe Mana Ishobora vyose; urondoke, ugwire; ihanga rizogukomōkako, mbere n’igugu ry’amahanga, n’abami bazokomōka mu rura rwawe;


kand’ igihugu nemeye ko mpaye Aburahamu na Isaka nzokiguha nawe, n’uruvyaro rwawe ruzogukurikira nzorugiha.


Umumarayika w’Uhoraho ava i Gilugali aradūga, aja i Bokimu. Arababarira, ati Nabadūganye mbakūye muri Egiputa, mbashikana mu gihugu nasezeraniye ba sogokuruza, nkavuga, nti Nta ho nzova mw isezerano nabasezeraniye;


Kuko ni wapfa kwiyumya mur’ iki gihe, nta kizobuza Abayuda gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi; ariko weho n’ab’ inzu ya so muzohona. Nta wubizi, kumbure icakwimitse ng’ube umwamikazi n’ ukugira ng’ uz’ useruke mu gihe gisa n’iki!


Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu,


Uhoraho amwiyereka iryo joro, aramubgira, ati Nd’ Imana ya so Aburahamu: ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguha umugisha, ngwize uruvyaro rwawe, kubg’ umusavyi wanje Aburahamu.


Ni wibuke abasavyi bawe, Aburahamu na Isaka na Yakobo; nturābe ukutagondwa kw’aba bantu, cank’ ukugabitanya kwabo, cank’ icaha cabo;


Kuk’ Uhoraho azogirira akagongwe aba Yakobo, azosubira gutoranya Abisirayeli, abasubize mu gihugu cabo bgite: kand’ abanyamahanga bazokwifatanya na bo, bamatane n’inzu ya Yakobo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite