42 ni ho nanje nzokwibuka isezerano ryanje nasezeraniye Yakobo, n’ iryo nasezeraniye Isaka, n’iryo nasezeraniye Aburahamu na ryo nzoryibuka; kandi n’igihugu na co nzocibuka.
Umumarayika w’Uhoraho ava i Gilugali aradūga, aja i Bokimu. Arababarira, ati Nabadūganye mbakūye muri Egiputa, mbashikana mu gihugu nasezeraniye ba sogokuruza, nkavuga, nti Nta ho nzova mw isezerano nabasezeraniye;
Kuko ni wapfa kwiyumya mur’ iki gihe, nta kizobuza Abayuda gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi; ariko weho n’ab’ inzu ya so muzohona. Nta wubizi, kumbure icakwimitse ng’ube umwamikazi n’ ukugira ng’ uz’ useruke mu gihe gisa n’iki!